UBUHANUZI BWANYUMA

Bwereke inshuti zawe:

Twitter Facebook Google Plus Linkedin
whatsapp
Garuka kubuhanuzi bwose

IJAMBO RY’UHORAHO KURI ISIRAYELI YA KABIRI IHANGA RY’IMANA RY’ABARUNDI, TARIKI 05/06/2014

Kuwambere, 19 Kamena 2017 14:06:56 +0200

 

 

X

HANGA RYANJE IGIHE KIRASHITSE CO KUBAKORERA IGITANGAZA C’UKUBAKURA MU BUJA: NI MWITEGURE
I. INDAMUKANYO.
Kuri Isirayeli ya Kabiri ihanga ry’Imana aho muri hose haba muri Tanzania, mu bindi bihugu no mu Burundi; Uhoraho Imana y’Ubutatu Bwera muri Yesu Kristo avuze ati: << Hanga ryanje ry’abarundi, Isirayeli ya Kabiri, ni jewe Imana y’ibihe vyose kandi iganza ijuru n’isi n’amahanga yose! Muri Isirayeli ya kabiri kandi ni mwebwe natoranije mu yandi mahanga yose n’ubwo muri inkengerwa mu maso y’abantu!>>. Uhoraho avuze ati: << Kuva kera narabarondeye murangora ariko uyu mwaka n’uwanje kandi nje kubakiza!>>.
II. ICO UHORAHO AVUGA KU MUHAMAGARO UHERUTSE W’UGUSENGA N’UKWISONZESHA.
Ku muhamagaro w’ugusenga n’ukwisonzesha uherutse gushirwa mu ngiro n’abo mw’ihanga kuva kw’itariki 9 gushika kuri 29/04/2014, Uhoraho avuga ati: << Ni jewe Imana y’Ubutatu Bwera: Impwemu yanje inezerejwe n’igikorwa c’ugusenga n’ukwisonzesha giherutse gukoreka mw’ihanga; ihimbajwe na co kandi inezererewe abumviye bose bakagikora aho bari hose haba i Tanzania, mu Burundi no mu bindi bihugu.
Uhoraho avuga ati: << Ku bantu bose bumviye umuhamagaro wanje bagasenga n’ukwisonzesha muri irya misi, mwakoze igikorwa ciza cane kandi amasabo yanyu yabaye ikimota neza imbere yanje jewe Uhoraho Imana y’ukuri! Kubw’ivyo, ndabahumurije ndababarira nti: kuvy’igikorwa mwakoze, mwanyubakiye igicaniro ciza nk’ico NOWA yanyubakiye inyuma y’umwuzure akagitangirako amashikanwa meza y’ubugororotsi kandi y’ubumote bwiza, bituma jewe Uhoraho mpumekera gusha isi (Itanguriro 8:22 ). Nico gituma jewe Uhoraho ndabahumurije ndababwira nti: << Amasabo yanyu mwantuye yabaye ishikanwa rimota neza imbere yanje kandi rinshika ku mutima. kuber’ico ; kubwa Isirayeli ya kabiri ihanga ryanje ry’abarundi, mpumetse ubugingo mu gishingo c’urupfu; ugukira mu gishingo c’uguhona kwabamyeko kuva kera; amahirwe mu gishingo c’amagorwa; umunezero mu gishingo c’umubabaro; agaciro mu gishingo c’agakengerwe; umugisha mu gishi
ngo c’umuvumo; umwidegemvyo mu gishingo c’agacinyizo; ubwigenge mu gishingo c’ubuja; imihezagiro mu gishingo c’amagorwa n’ubukene; mpumetse Mpwemu w’ubugingo mu gishingo c’ubupfu; Mpwemu w’ubukozi mu gishingo c’ubugarariji kandi ndabivuze ndabikuye mu kanwa kanje jewe Uhoraho Imana atari ikigirwamana>>. Nico gituma jewe Uhoraho Imana y’ububasha bwose ndababwiye nti: << Uhereye none ndabakuyeko umuvumo w’ubuja bw’imyaka amajana atandatu (600); ndabagize ishimwe mw’isi kandi ku bwanyu ngiye guhezagira amahanga yose.
KU BATUMVIYE UMUHAMAGARO W’UGUSENGA N’UKWISONZESHA.
Uhoraho avuga ati: << Hariho abantu bo mw’ihanga banse kwumvira umuhamagaro wanje w’ugusenga n’ukwisonzesha; abo nabo bakaba bari mu barongozi ( abungere, abavugabutumwa be n’izindi ndongozi ), muri ba serugo b’imiryango hamwe no mu bantu basanzwe>>. Uhoraho ababajije ati: << Ko nabahamagaye nk’abasuku banje ngo munyitabe kugira ngo imiranga y’inzige zikegeta n’iyizararaye n’iyizitaragurika igarukanwe, gurtyo igiti canje nateye mw’isi ndagiteresheje ugupfa n’ukuzuka kw’umwana wanje w’ikinege gisubizweko amababi be n’ivyamwa ariko namwe mukangarariza; mbega uwo mwatonganije mukamurogotako ni nde atari Imana y’ijuru n’isi, Imana ya Isarayeli ya Kabiri, Imana yama ihangamye ibihe vyose?>>. Nico gituma abagararije bose bakanka kwumwira umuhamagaro w’Imana, baba abatware canke abatwarwa; bari muri Tanzania , mu Burundi be no mu bindi bihugu, jewe Uhoraho ndabavuzeko nti: << Mbega Impumyi iyo
ijanye iyindi, hari ahandi zompi ziba ziri kuja atari mu cobo, mu gatikizo be no mu mahonero?!>>. Nico gituma Uhoraho avuze ati, abanyumviye bose bagasenga no kwisonzesha; banshikaniye ishikanwa ryera ritazira ariko mwebwe mwirahiye akagaramango mubarabana agakengerwe, muvuga ko bashikanye ishikanwa rizira; mbere mutako muvuga ko bari gusenga Beyelizebuli ariko ntimwamenya ko muri gutuka jewe Umwami Imana. Uhoraho avuze ati: << Ku vyo mwokoze n’ivyo mwavuze, mwatituye ubukozi bwanyu kandi musa n’umugore w’imburakimazi kandi w’ishirasoni yambaye uducocerwa; abamuraba akabatera ishishi mu gihe we ubwiwe yihenda yiyumvira ko ari umugore ateye igomwe (Ivyahishuriwe Yohana 3:17). Nico gituma Uhoraho Imana avuze ati, ko mwatuye n’akanwa kanyu mukavuga ko abansenze basenze abadayimoni; nanje Uhoraho mvuze nti :<< Uwo murwanizi Satani mwateje iteka akanwa kanyu guhera ubu araciriweko iteka!>>. Nico gituma je
we Uhoraho Imana ntangaje namamaza nti: << Ingoma y’isi iratemvye; irahonobeye be n’ibigirwamana vyayo kandi ingaji y’Uhoraho Imana iraganje!>>.
Mbajije Uhoraho kubw’abo bantu bagararije, Uhoraho yanyishuye ati: << Uwihana niwe mparira kandi mur’iki kiringo nta kindi ndabahamagarisha ukwihana atari umunzane ugera!. Ati kuko imbabazi zanje nta handi zibonekera atari mu kwizera no kubizera>>.


III. ICO UHORAHO ATEGETSE MW’IHANGA KUVYO AGIRA ASHITSE.

A. KWITEGURIRA IBIGIRA BIBE.
Mpwemu w’Uhoraho Imana y’ububasha, inganji n’icubahiro cose araje kandi asemerera mw’ihanga avuga ati: << Hanga ryanje ry’abarundi; mwebwe nyene jewe Uhoraho namye nemanga kugeza n’ubu ko ari mwebwe muri ihanga ryanje ryera; mwebwe barya bamye bari musi y’ubuja kuva kera kugeza ubu, mwebwe mwamye mucinyizwa n’inganji y’agacinyizo n’ubwicanyi; baba abahungutse, abasigaye muri Tanzania , abagiye mu bindi bihugu na barya bari basanzwe mu Burundi musi y’ubuja kugeza n’ubu, Mpwemu w’Uhoraho aravuga ati: Agakiza kanyu karaje, agatondo keza karabashitseko. Uhoraho avuga ati: << Ngomba nshitse ivyo nasezeranye, ngira nkore igitangaza c’akajoreza mu mahanga. Nico gituma Uhoraho avuze ati: Haguruke mube maso kuko umusi w’ugukira kwanyu ushitse ( Kuvayo 12:29-31, 40 – 43, 12: 11 – 12 ). Kw’ ihanga ry’abarundi ari bo Isirayeli ya Kabiri Uhoraho avuze ati: << Igihe cose mubaye mu buja, inganji y’
abansi yabashize mu buja be n’amahanga; hamwe n’amashirahamwe y’amahanga niyo yamye ahagararira ibibazo vyanyu. Uhereye ubu, ndabakuyeko ako gakengerwe mwakengerewe n’amahanga be n’abansi banyu. Ni kubw’ivyo jewe Uhoraho; jewe nyene ubwanje ari je mpagurutse guhagarikira ivyanyu. Nico gituma igitangaza be n’igikorwa co kubakura mu buja ari icanje jewe ubwanje; ata hanga na rimwe ribifisemwo uruhara n’ububasha; kandi ivy’urugendo rwanyu rwo gutahuka ni ivyanje jewe Uhoraho. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati: << Kubw’ihanga ryanje Isirayeli ya Kabiri no kubw’abanyumviye bose bakitaba umuhamagaro w’ugusenga; ntituje Satani n’abadayimoni; ntembeje ibigirwamana vy’amahanga yose, natse impfunguruzo z’ukuganza abami n’abakuru bose b’isi. Kuzimu nta bubasha igifise bwo kuganza; nshinze inganji yanje mu mahanga yose. Ni kubw’ivyo Isirayeli ya Kabiri ndayigize umwana wanje w’imfura mw’isi>>. K
uber’ico, hanga ryanje; ndabakuyeko agakengerwe mwakengerewe n’ibihugu n’amahanga kuko ivyo bakoze vyose ku bwanyu bakongera bakabihagarikira ntibabikoranye umutima w’ukuri n’ukubababara ahubwo babikoranye uburyarya, ubugunge n’umutima wuzuye ukujingitwa be n’agahemo kuri mwebwe, batako barabakengera. Nico gituma ivyanyu vyose uhereye ubu biri musi y’ukuboko kwanje kw’inkomezi kandi ndahiye uguhoraho kwanje ko ata cubahiro canje mpa umwana w’umuntu.
1. UMWITEGURO W’ABARI MURI TANZANIA.
Uhoraho avuga ati: Ibibazo vy’ingendo zanyu be n’ibindi vyose bibaraba vyamye bikorwa n’amahanga afatanije n’abansi banyu be n’amashirahamwe y’amakungu. Uhereye none si ko biri: Ivyanyu si abansi banyu bazobikora, mbere nta n’ijwi ryabo ricumvikana ukundi muri vyo. Si amahanga, si Tanzania mbere si ishirahamwe iry’ariryo ryose rigifise uruhara rwo kubihagarikira. Ni jewe Uhoraho ubwanje ndabihagarikiye>>. Kubw’ivyo, ni mwumirize ivyo ndababarira: Ngiye gukora igitangaza ku Burundi kandi mugiye kubona ibikomeye mutari bwabone n’amaso yanyu kandi urugendo rwanyu ruzoca rutangura. Kubw’ivyo haguruke mutegure urugendo rwanyu. Uhoraho avug’ati: << Ntimugiye gutahuka mu gihugu c’uburundi mubanje kwandikwa nkuko vyahora canke gusombwa biciye mu maboko ya reta, ibihugu, n’amahanga. Kandi mu Burundi ntimugiye kwakirwa n’abansi banyu ukundi. Ni jewe Uhoraho ngiye kubajana kandi ni je ngiye kubakira kuko ukuba
ho kwanje kuri muri mwebwe>>. Uhoraho avug’ati: << Ku bo mw’ihanga ry’Imana Isirayeli ya Kabiri bari muri Tanzania haba mu makambi y’impunzi canke hanze yayo;kubw’urugendo rwanyu ni mumenye ibi bikurikira:
a. Mu gishingo c’ukugenda n’amaguru nk’uko abisirayeli ba mbere bagiye mu kuja mu gihugu cabo c’isezerano, mugiye gutwarwa n’ibikoresho bitwara abantu ariko bidaciye mu rutonde rwa reta canke amakungu. Umugisha nabahaye ubwanje niwo uzobatarika ubinjize mur’ivyo vyuma bitwara abantu kandi ubashikane mu gihugu c’uburundi nabasezeraniye. Mu myaka yose mubaye mu bugaragwa narabahaye amagara, ndabaha irondoka, ndabaha ivyo murya n’ivyo munywa, ndabaha kurima no kwimbura, ndabaha ukworora no kudandaza, nta co ntabaronkeje mu vyo mwari mukwiye vyose. Kubw’ivyo amahera yanyu niyo muzorihisha urugendo rwo gutahuka mu gihugu canyu, nkuko na kare mwahora muja irya n’ino iyo mushaka mutwawe n’ivyo bikoresho bitwara abantu; kuko ni je nayabahaye. Mur’uwo mwanya jewe Uhoraho nzogomorora ivyo bikoresho bitwara abantu kandi ntimuzobura ibibatwara.
b. Kubw’urwo rugendo buri serugo w’umuryango guhera ubu ahamagariwe gutegura inahuri y’urugendo rwiwe be n’umuryango wiwe wose. Uko bigenda n’uku: se rugo aharure urugendo rwose kuva ah’ari gushika mu gihugu c’uburundi ngiye kubashikiriza; arabe igiciro rufise aharuye abari mu rugo rwiwe bose. Amaze kubiharura ace ategura amahera akwiranye n’urwo rugendo ayabane hafi yiwe.
N.B: Kubw’igiciro c’ingendo, Uhoraho avuga ati: nzogomora ibikoresho vyo gutwara abantu kandi nzotera umutima muri benevyo, nta n’umwe azobadugirizako igiciro ngo arenze icari kihasanzwe.
c. Kubw’abantu batishoboye; nk’impfuvyi, abapfakazi ( barya batishoboye) ibimuga hamwe n’abageze muza bukuru, Uhoraho avug’ati: << Barya bantu bari hafi yabo mu miryango no mu bisanira vyabo nibo bahamagariwe kubategurira inahuri y’urugendo. Mpwemu w’Imana avug’ati: uru ni urugendo rw’abavuye mu buja bafise akaranga k’ubukozi bw’Imana. Kubw’ivyo buri muntu wese ategerezwa kwerekana umutima w’ubuntu n’ubukozi.
d. Ku bantu ben’abo bavuzwe batishoboye ariko ata miryango bafise canke ibisanira, abakuru barongoye amashengero ( abungere, abavugabutumwa) nibo bahamagariwe gutegura uburyo abo bantu batishoboye bazogira urwo rugendo kuvy’igiciro c’urugendo rwabo. Uhoraho avuga ati: << Abungere b’amashengero ni mwebwe narobanuye kugira muje imbere y’ubwoko murongoye, mubujane kugeza mu gihugu ca Kanani ngira ndabashikirize. Kubw’ivyo, ibibazo vyose bigoye biri aho muri ni mwebwe mutegerezwa kubitorera inyishu, kandi ntihaze hagire uwuvuga ngo ntiyumvise aka kamo ndabateye jewe Uhoraho. Niho Uhoraho yavuga ati: << Ndazi ko hariho abungere buzuye ukwanjanjwa, ubugaba n’ukutumvira. Nico gituma ndababwiye nti, umwungere wese azokwanka ivyo mvuze jewe Uhoraho; mu gishingo c’uko uwo muntu atishoboye azosigara mu bugaragwa akabura ingene atahuka bivanye n’uko atishoboye, uwo mwungere ubwiwe azoca asigara ngaho mu bugaragwa asubire mu gishingo
c’uwo muntu kandi uwo muntu atishoboye ntazobura ingene atahuka>>. Uhoraho ambarira ati, andika ubwire abungere bagabitanya uti: << Uhoraho arazi ko mwuzuye ukwihenda mu mitima yanyu mubitewe n’ivyipfuzo vyanyu bibi, mukibaza ngo ngaho muri muri Tanzania niho muzoguma; abenshi bakigenera ubwenegihugu bwa Tanzania jewe Uhoraho narahiye ko mutazoronka. Nico gituma Uhoraho avuze ati, nkuko mvuze ku bungere bazokwanka gutegura ingendo z’abatishoboye ko bazoca basigara mu bugaragwa mu gishingo c’abo bantu, ntimuze mwihende canke mwibaze ngo muzohasigara mu buryo bwo kuhaba canke muri bazima! Uwuri n’ugutwi ni yumve ico mvuze jewe Uhoraho! >>. Kukukw’arik’Uhoraho avuze ati, abungere barongoye abantu banje mu bugaragwa bwo muri Tanzania jewe Uhoraho maze igihe kirekire nihweza ivyanyu, none nabahinyuye. Mwarahindutse muriragira ubwanyu mu gishingo co kuragira abantu banje; mufata intama muragiye muzirya ibinu
re, mwambara ubwoya bwazo mubaga ibinure. Imigabo yanyu be n’ibibanezereza nivyo mwatwajije intama, mbere mwazitwaje igitugu n’amanyama. Nico gituma Uhoraho avuz’ati, ni jewe Imana nzima kandi ndahiye ukubaho kwanje: kuvy’urugendo rwo gutahuka mu gihugu c’isezerano; yemwe mwa bungere nshize imbere yanyu umunzane ugera; nshize ibuye ritsitaza imbere yanyu kandi abungere bafise imitima igumye nk’amabuye rigiye kubagwako maze batembe kandi basanzare!.
e. Kuvyerekeye amatungo abantu bafise, Uhoraho yavuze ati: << Amatungo mufise azosigara aho nyere muri: Ati; ivy’ubuzima bw’abantu banje ihanga rivuye mu buja biri mu maboko yanje jewe nyene ubwanje. Nico gituma Uhoraho avuz’ati, ndahiye ukubaho kwanje ko amatungo yose bafitiye mu bugaragwa ata n’umwe muri bo azoyatahukana mu gihugu, kiretse ivyo bambara n’ivyo bipfuka be n’ivyokurya bazorira mu rugendo. Nico gituma ndabahamagariye gutegura amahera ahuye n’igiciro c’urugendo ku miryango yabo be no ku bantu batishoboye, kandi ayo yose nta nyenzi n’ingese bizoyakorako canke ibisuma bizoyiba. Bazogenda uko nyene kuko ubutunzi bwabo bazobusanga mu gihugu ngira ndabajanemwo >>.
f. Maz’Uhoraho avug’ati uwu muhamagaro uraba abantu bose bo mw’ihanga bari muri Tanzania aho bari hose; baba abari mw’ishengero canke ba sindabibazwa batazi niyo urusengero ruherereye, ukw’imiryango yabo yose iri. Abarongozi bose b’amashengero yose yo mw’ihanga ry’Imana ata n’umwe avuyemwo bahamagariwe kwamamaza iyi nkuru kubo barongoye bose. Uwutazobikora azoba ajimije itara ry’iwe n’iryanje jewe Uhoraho. Ba serugo bose b’imiryango babibaririkirize bafise umwete mwinshi kandi babimenyeshe ababo mu miryango, kuko iki ni igihe co kurangamiza k’Uhoraho. Nico gituma Uhoraho avuz’ati, ukwihana n’ukwiyeza be n’ugusenga bikorwe mu mwete mwinshi muri kino gihe kandi abanyavyaha bihane bahebe ivyaha vyabo. Urugendo rwanyu ntirworoshe kuko ibizoba biri kuba mu Burundi, n’ahandi bizohaba. Rero ntihaze hagire uwirya akara akibwira mu mutima ati ko ntari mu Burundi ivyo nta co bindabako.
g. Kubw’uwu muhamagaro wo gutegura urugendo rwo gutahuka mu gihugu c’isezerano c’Uburundi, Uhoraho avuz’ati: << Kuko jewe Uhoraho ndabakuyeko agakengerwe mwari mufise, nkanka ko abansi banyu be n’ibihugu n’amakungu ari bo bategura kandi bahagarikira ivy’urugendo rwanyu; ayo mahera yose muzoba mwateguye hanyuma mukayarihira urugendo rwanyu agiye kuba ishikanwa ryiza imbere yanje jewe Uhoraho kandi nibwo butunzi muzoba mutahukanye mu gihugu canyu kuko nzobashumbusha umurengera. Ni jewe Alufa na Omega uwambere n’uwanyuma, itanguriro n’iherezo!>>. Kandi nta muntu n’umwe azobazibira mu rugendo rwanyu kuko agatengo kagiye gufata amahanga yose.
h. Ku bijanye n’ubwenegihugu bwa Tanzania abantu bipfuje, Uhoraho yambariye ati, ndazi ko benshi batareka kwihumuriza mbere bigatuma batumvira amajambo yanje. At’ariko: << Babwire ivy’ubwenegihugu bwa Tanzania babikure mu bgonko bwabo kuko ntabwo bazoronka!>>.

2. UMWITEGURO W’ABARI MU BINDI BIHUGU.
Ku bantu bo mw’ihanga ry’Imana Isirayeli ya Kabiri bari mu bindi bihugu Uhoraho avuze ati: << Haguruke murangamize mwitegereze canke mwigire ku musukoni: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza mumenya yukw’agatasi kari hafi. Uhoraho avug’ati; abenshi mu bantu bari mu bindi bihugu iyo bumvise ijambo ry’Uhoraho ribabwira riti muzosubira mu gihugu canyu, bamwe bavuga bati mbega ivyo vyoshoboka gute? Abandi nabo bati biragahera iyo. Arik’Uhoraho avuze ati: << Mbega ni nde yoshobora kuzimanganya inama z’Uhoraho? Ninde yobuza ic’Uhoraho yateguye ko gishika? Nico gituma Uhoraho avuze ati, ko muvuga ibitangaza bibarengeye mutazi ni nde yobumviriza ngo muvuge?>>. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati: << Uko mbariye benewanyu bari muri Tanzania niko namwe ndababariye nti haguruke mutegure urugendo rwanyu rwo gutahuka mu gihugu c’isezerano nabasezeraniye c’Uburundi >>.
Kubw’abari mu bindi bihugu , Uhoraho avug’ati:
a. N’ubwo bari kure rwose aho bigoye kwirihira igiciro c’ingendo zabo zo gutahuka, nabo nyene narabahezagiye uretse ko abenshi imigisha nabahaye bayikoresha mu kuntuka jewe Uhoraho bakita mu ngeso mbi z’abanyamahanga; mu vyaha n’ubuhumane . Kandi ndazi ko hariho abafise ubushobozi bwo gutegura ingendo zabo kubw’ibiciro vyazo. Kubw’ico ababifitiye ubushobozi bose bahamagariwe gutegura urugendo rwabo bisunze ukw’imiryango yabo ingana. Iryo ni ishikanwa rifise ikimazi kuri jewe Uhoraho kandi ni igikorwa canje; mbere kubw’ukwanka agakengerwe mwakengerewe n’abigize inyishu y’ibibazo vyanyu, jewe Uhoraho nshinze ikintu gisha mw’isi: ubuzima busha n’ubutunzi bw’abantu banje bo mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri ndabwubatse ku rufatiro rumeze nk’ivu rigadutse; mu maso y’abatizera n’abigira agahambaye!>>.
Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ngo: << Imbuto ziguye mw’ivu ryiza zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mwirongwitandatu, izindi mirongwitatu, birtyo birtyo kand’uwuri n’amatwi ni yumve ico mvuze jewe Uhoraho Imana!>>.
b. Ku badafise ubushobozi bwo kwirihira urugendo, Uhoraho avuz’ati: << Igikuru ni muhaguruke mube maso mumenye ko ugukira kwanyu kugeze kandi ko urugendo rwanyu rushitse, gurtyo mwitegure mu mitima yanyu mwizerako iminiho mufitiye mur’ivyo bihugu murimwo nayibonye jewe Imana yanyu n’ubwo hariho abavyiyobagiza ntibashake n’ukwemera ko iyo muri muri mu gatengo kanini >>. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati. << Nta handi, nta handi hagiye kuboneka amahoro atari ku murwa wa Dawidi!>>. Ni kubw’ivyo Uhoraho avuz’ati, niyo mwamara kuba mwiteguye; benewanyu bari muri Tanzania bamaze kuba bariko barashika mu Burundi, namwe muzokwumva ijwi ry’uruhwa rwanje jewe Uhoraho. Iryo jwi rizobavugako; kandi rimaze kubavugako, rizoca ribatahuza ukugene muzova mu bihugu murimwo; mu bihugu vya kure mutoshobora kwironkera ubwanyu igiciro c’urugendo rwanyu rwo gutahuka. Niho muzoca mumenya ko iyivuze
iri jambo ari Imana y’ukuri, y’inyenkomezi kandi ko imigabo yayo ikomeye kandi ata mahinyu canke agatosi kayibamwo.
c. Maz’Uhoraho ambarira ati: << Iki nico kimenyetso nguhaye ku vyo ngiye gukora: mur’abo bantu bari mu bihugu vyo hanze harimwo bamwe baja barakiriye ijwi ryanje mu mitima yabo ribatahuza ko igihe cabo co gutahuka kigeze; kandi baja bamaze kwumva uruhwa rwanje rubahamagara. Abo bariteze gushira mu ngiro uwu muhamagaro wo gutegura igiciro c’urugendo rwabo rwo gutahuka bisunze igitigiri c’abari mu miryango yabo n’aho bari mu bihugu vya kure. Kuko maze kubibemeza mu mitima yabo kandi nabo bakaba bizera ko ndi Imana y’inyenkomezi ngiye guhomvorera hasi igisagara ca Ninewi n’inganji ya Ashuri kugira mpigure naho kandi ndahamare amanyama n’ubwibone. Maz’ambarira at’iri jambo n’iryo kwizerwa kuko hariho na bamwe mu bari muri Tanzania canke mu Burundi baza bazi ko ngira nkore ivyanje. Ivyo narabigabiye kuva kare kandi ngira ndabishitse ubutagisubira inyuma; ni jewe Uhoraho nyen’ingabo nd
abivuze>>.

3. UMWITEGURO KU BARI MU BURUNDI.
Ku bantu bari mu Burundi bose, baba abahungutse na barya batigeze bahunga bari basanzwe mu Burundi musi y’ubuja kugeza n’ubu; kw’ihanga ry’Imana riri mu Burundi Uhoraho avuze ati: << Aho nyene muri niho ngomba nkorere igitangaza; niho ngira ntiburire umuriro>>. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati: Mwese mutahure ko ata handi mufise ubuhungiro atari k’Uhoraho Imana ngira niyerekane. Ni kubw’ivyo abafise ikimenyetso canje ndabahumurije ndababwira nti: << Shire ubwoba kuko ataco muzoba. Ni jewe nyene ubwanje nzobakingira, nta co muzoba (Ezekiyeli 9:1-11). Uhoraho arabaza ati, mbega ni kuber’iki abantu banje; ihanga ryanje ni kuber’iki muhagarika imitima mwibaza muti mbega tuzohungira hehe ibigiye kuba? Ndazi ko aho muri kw’ariho umurwa wa Satani uri kandi ndazi ko uwo murwa wihaye ibara mw’isi yose ku bwicanyi n’ugusesa amaraso. Mbere ndazi ko abansi banyu ubu bahekenya insya z’amenyo baj
ingitwa bahiga bati ubu ho tuzokora ibisumba ivyo twakoze. Ndazi ko hariho n’ibipfu vyo mw’ihanga ryanje bahiga bahigira benewabo nk’uko bamye ari impumyi batazi gutandukanya icatsi n’ururo. Ariko jewe Uhoraho mvuze mbarira abantu banje Isirayeli ya Kabiri bari mu Burundi nti: << Ivyo vyose ntibibarandure imitima kuko ngomba kwiyerakana mw’isi yose kandi abansi banyu bose ngiye kubarandura nk’uko narahiye nti sinzoreka kubasuka mu kiyaga, umunuko wabo uduhuke n’agacu k’ibore ryabo nako kaduhuke. Kand’uwariwe wese wo mu b’isirayeli ba Kabiri agihwihwisha, inzira ahitamwo gufata niyo irimwo iherezo ryiwe>>. Maz’Uhoraho ambarira ati: << Barira abo mw’ihanga ryanje bari mu Burundi bose ata n’umwe avuyemwo, baba abahungutse canke abari basanzwe mu Burundi batigeze bahunga uti, mu gihe benewanyu bari muri Tanzania na bamwe bo mu bari mu bindi bihugu bahamagariwe gutunganya ivy’urugendo rw
abo mu gutegura amahera y’igiciro c’urugendo; namwe muhamagariwe igikorwa c’ubukozi kijanye n’ukubakira>>. Uhoraho avuga ati: << Buri se rugo wese w’umuryango n’umuryango wiwe bahamagariwe gutegura ivyo kwakiriza abo mw’ihanga bazoba bari gushika mu Burundi bavuye hanze (muri Tanzania n’ahandi). Uhoraho avug’ati, kubw’igikorwa ndabahaye, ni mumenye ibi bikurikira kandi mubikore:
a. Buri serugo wese, kubw’umuryango wiwe ategure igitigiri c’amahera azokwakiriza abo mw’ihanga ry’Imana bazoba bashitse bavuye hanze. Uhoraho avuga ati: Uk’umuntu wese yifise yaba umukene canke umutunzi abe ariko azotegura kandi aze ategure ayakwiranye n’igitigiri c’abantu bari mu rugo rwiwe
Akarorero:
- Umuntu wese (Serugo ) aze yitegereze: Ni yabona ko kuri buri mutwe w’umuntu umwe mubo atunze mu nzu yiwe ashobora gutegura amahera ijana (100) hanyuma umuryango wiwe ukaba urimwo abantu indwi (7) azoca ategura amahera angana n’igitigiri c’abari mu muryango wiwe (100x7) ni ukuvuga amajan’indwi (700).
- Se rugo abonye ko ku mutwe w’umuntu umwe ashobora gutegura ayangana igihumbi (1000), mu muryango wiwe hakaba harimwo abantu indwi (7) azoca ategura ayangana n’ico gitigiri c’abantu bari mu muryango wiwe (1000x7) ni ukuvuga ibihumbi indwi (7000).
- Se rugo abonye ko ku mutwe w’umuntu umwe ashobora gutegura ayangana ibihumbi icumi (10000), umuryango wiwe ukaba ugizwe n’abantu indwi (7) aze ategure ayangana n’abo bantu bari mu muryango wiwe (10000x7) ni ukuvuga ibihumbi mirongo irindwi (70000).
N.B:- Buri se rugo az’ategure bivanye n’uko abishobojwe n’Uhoraho (uko ubutunzi bwiwe bungana).
- Mu muryango ata serugo arimwo (urimwo impfuvyi, umupfakazi canke abageze mu za bukuru), buri muntu wese ari hejuru y’abandi muri uwo muryango az’abe ariwe ahagararira ico gikorwa kandi baze bategure bivanye n’uko bashobojwe; ata myidodombo kuko nabo babeshejweho nanje Uhoraho. Ayo bazoba bateguye yose bivuye ku mutima uko azoba angana kwose niko nzoyarabisha ijisho ryanje kuko ari jewe nama ngera imitima .
b. Umuryango umaze gutegura ayo mahera, serugo ari kumwe n’abo mu muryango wiwe az’ayashikane imbere yanje Uhoraho ayasengere hanyuma ace ayashingura (ayabika) ntihagire aho aja kuyatanga. Nanje nzoba ndiko ndayarabisha ijisho ryanje kugeza aho umwanya w’uko ayo mahera akora igikorwa nayateguriye uzoba ushitse. Ntihaze habe ugira ic’ayakoresha kiretse ico gikorwa kivuye mu kanwa k’Uhoraho.
c. Uhoraho avuga ati: << Ni namara kuba nkoze igitangaza, benewanyu bari muri Tanzania bamaze gutangura gutahuka niho igikorwa c’ayo mahera kizoba gishitse, kuko n’ic’ugusanganira benewanyu kugira baronke ivy’ukurya bizobofasha mu gihe bazoba bagishitse kandi si mwebwe ubwanyu muzoyakoresha ahubwo abakozi banje nzoba nahagurukije muri uwo mwanya nibo bazoyakira mu minwe yanyu kugira bayakoreshe uko nabiteguye kubw’ico gikorwa.
d. Maz’Uhoraho avug’ati: << Ku bantu bo mw’ihanga ryanje bari mu Burundi baba abahungutse canke abari basanzwe mu Burundi jewe Uhoraho Imana y’ukuri ntangaje ayo mahera muzoba mwateguriye gusanganiza benewanyu bazoba batahutse mu gihugu ko ari ishikanwa muzoba muzanye imbere yanje jewe Uhoraho. Ni ishikanwa muzoba munshikaniye, mbere ni ishikanwa rihimbaye umutima wanje. Mbere uhereye aho serugo azoba ayasengeye akayashingura mu nzu y’iwe canke ahandi ah’ariho hose azoba abona nzoca ndayatahura ko ari ishikanwa>>. Nico gituma umuntu wese azoba yayateguye hanyuma akibwira mu mutima wiwe ati reka ndayakureho ntaco bimaze, canke agahengera igitangaza co gukura ihanga mu buja giheze agaca ayanyegeza ntayashikane azoba abaye ikivume kandi jewe Uhoraho nzoca ndamucira ubwo nyene urubanza nk’urwo naciriye Akani (Yosuwa 7:1,10–11,20,25 -26). Ni kubw’ivyo Uhoraho nyen’ingabo avuze ati: << Baragowe, baragowe i
bisuma n’abambuzi, baragowe abamenyereye kumena amazu y’abantu biba. Kuko uhereye ubu nshize igitsitaza imbere yabo kandi kubw’ico bagiye guhona ata kigongwe. Ni co gituma abazoba bashinguye (babitse) ayo mashikanwa mu nzu zabo ntibaze bagire ubwoba bicura abasuma. Jewe nyene ubwanje ni je ngiye kwirwanira, kandi agatikizo kagiye gufata benshi. Niho mugiye kumenyera ko jewe ndi Imana Uhoraho.
e. Mugihe nzoba nshikije ivyo ngiye gukora vyo gukura ihanga mu buja hunyuma se rugo w’umuryango canke umuntu uw’ariwe wese aserukira umuryango akaza ashikanye ayo mahera mu maboko y’abakozi banje nateguye kuzoyakira, az’avuge ati: << Iri ni ishikanwa nshikaniye Imana kubw’abavukanyi bacu bavuye hanze. Uhoraho Imana ampezagirane n’abo mu muryango wanje bose>>. Uwuzoba ayakiriye nawe aze yishure ati: << Amen Uhoraho n’ahabwe icubahiro! Niwe gitandara ca Isirayeli ya Kabiri, kandi nawe n’akurabishe ijisho ry’imbabazi n’umuryango wawe wose ibihe vyose!>>.
f. Maz’Uhoraho ambarira ati: << Tangariza abari mu Burundi bose; abantu bo mw’ihanga ryanje bari mu Burundi ut’uhereye kuva kera muri mu buja Uhoraho Imana niwe yabatunze. Abansi banyu babaganjije ntaho bigeze basangira namwe ubutunzi bw’igihugu. Babwiherejeko, namwe mubaho nk’abana b’impfuvyi; mbere babagize urudandazwa rwabo kuko bama bagira za rusansuma z’igihugu bakabaharuramwo bagaca bazisabirako imfashanyo mu makungu; ariko ntaho bigeze basangirana namwe ubwo butunzi. Ariko jewe Uhoraho sinabataye: Mwararimye murimbura, mwarandandaje murunguka, mwaroroye muragwiza; n’aho mwari mu gacinyizo. Ivyo vyose ni jewe Uhoraho nabibahaye. Nico gituma ndabahamagariye ico gikorwa co gutegura iryo shikanwa ry’ugusanganiza abavukanyi banyu bagiye gushika aho muri bavuye hanze kugira musangirane nabo kuragwa igihugu nabasezeraniye mubanje kwerekana umutima w’ubuntu n’ubukozi>>. Uhoraho ambarira ati: << A
ndika aya majambo uyarungikire abari mu Burundi bose baba abahungutse canke abatigeze bahunga; bo mw’ihanga, ntihagire n’umwe asigara mu gihugu cose atabimenye, baba abanyubaha jewe Uhoraho canke abatanyubaha kuko uwu muhamagaro ntanze uraba buri muryango wose w’abitwa ab’Isirayeli ba Kabiri bari mu Burundi. Mbere abavyumvise baze babibwire n’abandi bose. Uhoraho ambarira ati: << Barya bantu bo mw’ihanga ryanje bamye mu Burundi batahunze, abenshi bariyonjorora bakikura mu bandi ntibemere ko nabo ari Isirayeli ya Kabiri; kandi babitumwa n’ubugunge buri mu mitima yabo. Iy’aba bari bazi inzira abansi babo bagira bajane ntibaba biyonjorora bakikura ku mugisha wo kwitwa ihanga ryanje ryera bakaja ku ruhande rw’abo jewe Uhoraho nja nakuyeko amaboko mbere bakanarwanya amajambo yanje n’igikorwa canje nk’uko babigenjeje ku muhamagaro w’ugusenga n’ukwisonzesha uherutse mw’ihanga. Uhoraho ambarira ati: << Iyo
hariya mu Burundi hataboneka abumvira urya muhamagaro bagasenga, barya bantu bose nobahonereje hamwe n’abansi babo. Kand’uzubabarire uti mumeze nk’abana b’ibifatanzoka n’intambirakibi ariko mumenye ko iki gihe aric’Uhoraho. Ni kubw’ivyo, mutihanye ngo muhinduke muzohona ata kibuza. Uhoraho ambarira ati: Hari n’abiruhiriza ubusa ngo bari gusengera igihugu c’Uburundi be n’amatora. Ati babwire uti: << Umukobwa w’i Siyoni ya Kabiri arabakengereye; abatwengeye mw’ijigo kandi abazungurije umutwe!>>.
g. Niho Uhoraho yambarira ku bari mu Burundi kubw’uwo muhamagaro ati: << Inyuma y’uko ihanga rizoba rivuye mu buja, amahoro ashitse, buri muntu wese uko azoba yatanze iryo shikanwa ryo gusanganira benewabo niko nzomuhezagira. Imigisha yose yo mu buzima buzokurikira ihanga rimaze kuva mu buja; ku bantu bari mu Burundi bahawe ico gikorwa izokwisunga uko buri muntu wese azoba yatanze, yaba uwoba ar’umukene ubu canke uwoba ar’umutunzi. Nico gituma uwu muhamagaro uraba abantu bose bo mw’ihanga ryanje bari mu Burundi mu bice vyose vy’igihugu. Iryo shikanwa niryo rinyegejemwo ubutunzi bwabo bazoronka mu nyuma kandi ivyo ntibizobura gushika nk’uko jewe Uhoraho ndabivuze (Matayo 25:14-30).
h. Uhoraho avug’ati: << Abazoba bavuye hanze, ivyo nivyo nabateguriye kandi uretse n’ivyo hariho n’ibindi maze kubabwira ko bazosanga mu Burundi, be n’ibindi biri mw’ibanga batazi jewe Uhoraho nabateguriye.
4. UMWITEGURO W’INGABO ZO MW’IHANGA.
a. Mur’ayo majambo y’ubuvugishwa, Uhoraho yavuganye nanje ku vyerekeye ingabo ziri mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri. Maze gutangazwa n’uko Uhoraho agira ambarire ibijanye n’ingabo Uhoraho yambwiye ati shira ubwoba kuko jewe Uhoraho ndi Imana y’ingabo ( Zaburi 46:7 ) kandi singiye gushikiriza ihanga ryanje igihugu cigenza, c’umuvurungano kandi kitagira ingabo.
Maz’uhoraho ambarira ati: « Kuba hariho ingabo mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri vyavuye kuri jewe bivanye n’integuro zanje kandi kubera nari nashegeshwe n’uburyo ingabo z’abansi banyu zimonogoje mu kwicana abantu banje agashinyaguro mu gihe cose mubaye mu buja. Uhoraho avuga ati mw’ihanga ryanje naranse inzira zose z’imigambwe na politike zazo hamwe n’ukwivanga n’ivya demokarasi. Ariko ndazi ko ingabo ziriho kandi ndazitahura.
Niho Uhoraho yavuga ati: « Uko natituye amahanga niko nahakanye inzira zose zitari izanje ku kibazo cerekeye ihanga ryanje. Kuber’ico nta mugambwe n’umwe waba uwigeze kubaho mw’ihanga mu yarondera guhabuza igihugu canke uwoba uriho ubu jewe Uhoraho nemera».
b. Uhoraho avug’ati: « Mw’ihanga ryanje harimwo ingabo ziri mu mirwi inyuranye: abo nibo ngiye guhinguramwo ingabo z’ihanga ryanje Isirayeli ya Kabiri. Ati kandi no mu ngabo z’inganji y’Uburundi irongowe n’abansi harimwo bamwe bo mw’ihanga ryanje bagiyemwo; kandi abanyumvira muri bo ntibanduzwe n’ivyo irya nganji ikora be n’ibindi vyaha nzobagirira ikigongwe ndabatere iteka ryo kuba mu ngabo ngiye kuragiza ihanga ryanje niyo namara kurikura mu buja. Ariko abenshi muri bo bambaye imyambaro yanduye mu mitima yabo kuko bakoreshwa n’icagezwe c’umurwanizi bakarya indya zivuye mu buyobe kandi zivanze n’amaraso ya benewabo bicwa ataco bazira kandi izo ngabo z’abo mw’ihanga ryanje ziri mur’irya nganji y’Uburundi akaba arizo zama zishorerwa kwica benewabo zishorewe n’abansi ba Isirayeli ya Kabiri.
Uhoraho avuga ati: « Iy’ataba muri bo harimwo inkehwa zanse kwiyanduza; bansenga kandi baroreye ivyo nasezeranye izo ngabo z’abo mu bwoko bwanyu ziri mu nganji y’abansi nozihonereje hamwe nabo zose; kuko barandakije rwose kandi n’ubu bakindatsa. Ariko kandi batigaruye bakansaba ubwenge kugira ndabahe ugutahura abenshi muri bo bazohonera mu bushangashirwe bwanje kandi uko ndabivuze niko bigiye kuba ata gisivya kuko ata rufatiro na rutoyi ndababonako muvy’ukutiyanduza».
c. Maz’Uhoraho ambarira ati :« Andika ubarire izo ngabo zo mw’ihanga ryanje ziri mu mirwi inyuranye ut’uku niko Uhoraho avuze ati: Mu buvugishwa bwo gutegura Pasika y’Uhoraho, naravuze ku ngabo z’inganji y’uburundi n’iz’amahanga ayishigikiye, non’ubu Mpwemu wanje aje avuga kuri mwebwe ati :«Mu bihe biheze mwaragiye kurwana kugira mwikure mu buja birananirana mbere abenshi muri mwebwe bahezeyo. Mwarancumuyeko muntanga imbere kandi mwarandakije rwose. Kubera nabankiye, nanse ko mwihesha icubahiro ngo mwararwanye ku nkomezi zanyu, ariko ntimwanyumviye. Hambavu y’uko kutumvira mwarakoze ibigabitanyo vyinshi rwose. Ikirengejeko mwarubahutse murafata umuheto murarabishanyako mwebwe kuri mwebwe muricana haba hagati yanyu mwebwe ingabo z’imirwi inyuranye canke ku banyagihugu bo mu bwoko bwanyu; mukora icaha cambabaje rwose. Mbega ni igiki mwerekanye imbere yanje atari ubujuju, uburyarya, ubugunge n’ubuhumane be n’ukwiro
nderera inyungu zanyu? Ivyo mwakoze nta kindi vyabambitse atari umuvumo kuko mwakoze ibizira. Uhoraho avuga ati: « Iyo ntibuka ko namwe muri abantu mu bandi bo mw’ihanga ryanje rya Isirayeli ya Kabiri kandi nkibuka amaraso umwana wanje w’ikinege yacuncuburiye kubo mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri ku musozi w’impongano uherutse ko namwe yabagiyeko nk’abo mw’ihanga; simba ngize n’ico ndabavugako na kimwe mur’iri jambo ryanje ndungikiye ihanga, ririmwo n’umuhamagaro wo kwitegurira ivyo ngira nkore!».
None rero ni munyumvirize ico ndabavugako jewe Imana y’ububasha n’ubushobozi: Iki ni igihe c’iwanje Uhoraho kwiyerekana. Ni jewe ngomba nkore niheshe icubahiro nk’uko nari narabivuze.
d.Nico gituma Uhoraho Imana avuze ati: « Ngiye gukora igitangaza c’akajoreza ku gihugu c’Uburundi; kandi kubera namwe; mu bandi muri impwemu n’ubugingo niremeye, nico gituma ntabaheba. Kuber’ico namwe muhamagariwe ukwitegurira ivyo ngira nkore; mu kwiyuhagira mu mitima yanyu muhebe icaha ic’arico cose kuko iki gihe ar’ic’uburake bwanje. Hanyuma y’ivyo nzobaragiza igihugu c’Uburundi Isirayeli ya Kabiri kugira mukizigame. Ariko mfise ico ndabavugako jewe Uhoraho: Mwaramijwe amata afunguye bituma mudakura mu mitima no mu bgenge bwanyu, muca murafutana bituma ata gaciro ndababonako kotuma ndabaragiza igihugu cera c’Imana. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati: « Mwuzuye imivurungano mu mitima yanyu, muhema ibihumanye mwamye mugiramwo kuva na kare, mwuzuye inyota mbi, mwuzuye ukuryarukana kandi nta yindi migabo mufise mu mitima yanyu atari ukwigenera no kwiharurira inyungu zanyu».
e.Maz’Uhoraho avuga ati: « Umutima wanje jewe Uhoraho waritegereje ingabo zo mw’ ihanga ryanje urumirwa: Naziyumviriye iciyumviro ciza co kuziragiza ishamvu nagereye abantu banje ariko nasanze zisa n’umukuku ata kindi wuzuyemwo atari umuryano hagati y’impfizi z’intama n’izimpene, zisitana ata kindi zipfa atari ukuganza. Nico gituma jewe Uhoraho ndababaza yemwe mwa ngabo zo mw’ihanga ryanje ziri mu mararo anyuranye aho muri hose nti: Mbega ko buri muntu yiha agaciro, ni nde muri mwebwe yokiha atari jewe ndakamuhaye? Hinge ndababarire: Mpwemu wanje niwe agera vyose ku munzane kandi uhereye none, kubera ngira mperaheze ibibazo vyose vy’ihanga; n’ikibazo c’ingabo ngira ndagiheraheze mbere ngira nce urubanza hagati y’umukuku wanje. Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge iyavunitse, nsindagize iyirwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye. Ngomba nce urubanz
a hagati y’ibitungwa n’ibindi, hagati y’impfizi z’intama n’izimpene».
Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati, mbega muvyita ivyoroshe mwa ngabo zo mw’ihanga ryanje aho muri hose mu mararo anyuranye izo ngeso mwamanye (kandi n’ubu akaba ari zo mbona mu mitima yanyu ) iyo murishije umugutu mwiza, uwo mwari mushigaje mukawutakangisha inzara? Cank’iyo mushotse amazi y’umusarara, ayo mwari mushigaje mukayaca iyondoyondo? Maz’intama zanje zo zisigaye zigaca zirya ivy’inzara zanyu zatakanze zigashoka ay’inzara zaciye iyondoyondo. Nico gituma Uhoraho Imana y’ubutware bwose ndababariye mwa ngabo zo mw’ihanga muri mu mirwi inyuranye aho muri hose nti ehe jewe nyene ubwanje ngira nce urubanza hagati y’ibitungwa bivyibushe n’ibinanutse. Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu gushitsa muzisanzarije kure; nico gituma ngira nkize umukuku wanje wose ngo ntube ukiba inyagano ukundi; kandi nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi.
Kuk’ukw’arik’Uhoraho Imana y’abarundi Isirayeli ya Kabiri avuze ati: « Nzoziha umwungere umwe, nawe azoziragira, niwe musavyi wanje Dawidi; azoziragira abe umwungere wazo. Nanje Uhoraho nzoba Imana yazo kuko ndi Imana y’ingabo, n’umusavyi wanje Dawidi azoba segaba muri zo; ni jewe Uhoraho ndabivuze kandi nzosezerana nazo isezerano ry’amahoro nongere mperengeteze ibikoko vy’inkazi mu gihugu kugira ngo abo mw’ihanga ryanje ry’abarundi ntibaze basubire kwambara ibara rivuye ku mivurungano yo mu ngabo zaryo, ni namara kuriha impore ndarikuye mu buja. Iri niryo jambo jewe Uhoraho mvuze kandi mpumetse; mbere ririmwo ubugingo n’irema kubw’ikibazo c’ingabo mw’ihanga ryanje Isirayeli ya Kabiri.
f.Nico gituma Uhoraho avuze ku ngabo zo mw’ihanga ziri mu mirwi inyuranye aho ziri hose ati: Mwa ngabo ni mwumvirize ibi mvuga ku vyo ngira nikorere jewe Uhoraho: Niyo namara gukora igikorwa ( igitangaza) canje c’ugukura mu buja ihanga, uwuzohirahira wese akavyura ikirwanishwa akagitumbereza k’uwariwe wese wo mu bwoko bwiwe kubera inyota y’ukwirukira ukuganza haba mu ngabo canke mu nganji, akantanga imbere jewe Uhoraho nzoca ndamuhonya ubwonyene. Abazobikora bose nzoca ndabatikiza ubwo nyene ata kigongwe kuko ni jewe Imana iganza, ni je Imana y’ingabo kandi jewe nyene ubwanje ni je nzoshiraho vyose. Biri mu maboko yanje kandi ni ibanga rikomeye ku bwanje jewe Uhoraho kandi ijwi ryanje niryo rizoba ririko rirarangura vyose. Ni kubw’ivyo Uhoraho nyen’ingabo avuze ati, ingabo zo mw’ihanga , aho muzoba muhuriye hose maze kwihesha icubahiro ntimuze mureke guhuza inama n’umwumvikano umwe, kandi
ntimuze mureke gutekereza. Ni jewe Imana y’ingabo nzoba ndi kubihweza kugira ndabe ukwumvira kwanyu kandi mu mwanya utari munini nzoca ndabishura ndabaherahereze ibibazo vyose bizoba biri imbere yanyu: Muze mube maso kuko ndabashize ku rugezo rukomeye ariko niyo mutumvira, uwariwe wese mur’ako kanya azopfa yishwe n’uburake bwanje. Narashegeshwe n’ingeso mbi y’ukwitoraniriza abami n’abatware mw’ihanga ryanje yamyeko kuva kare. Sincihanganira ukundi ingeso n’ibikorwa bibi, kandi uko gutekana n’ukurindira integuro zanje ni ryo shikanwa namwe ndabahamagariye gutanga mwa ngabo zo mw’ihanga ryanje, nk’uko n’abarundi nkamwe ihanga ryanje Isirayeli ya Kabiri baba abari muri Tanzania, mu bindi bihugu no mu Burundi bose buri ruhande naruhaye igikorwa carwo mur’iri jambo mvuganye n’ihanga.
IV. IMBURI KU KUTUMVIRA IMANA KW’ABANTU BO MW’IHANGA.

A. Uhoraho yanshize mu kwerekwa, mbona mpagaze impande y’ikiyaga. Ngize nrtya mbona amatara manini (arya abarovyi bamurikisha mu kiyaga mu kuroba ).Ayo matara yari manini rwose ku buryo itara rimwe ryashobora kubana ubunini buruta ubw’imodokari bita “Taxi” ariko ayo matara yari abumvye kurya nyene asanzwe ari. Niho naca mbona ayo matara ari kugendagenda ( kuzunguruka) mu kirere hejuru y’ikiyaga ashinze kandi ari kwaka kurya nyene asanzwe yaka; ariko yari kwakamwo imbeya zikomeye zirimwo umuco mwinshi. Niho ngize nrtya naca mbona mur’ayo matara harimwo abantu bari muri buri tara kandi ico gihe cose ayo matara yazunguruka mu kirere hejuru y’ikiyaga abo bantu bari muri yo. Biheze, numijwe n’ukubona uburyo abantu bashobora kwinjira mw’itara ririko riraka ukungene nari kubibona hanyuma ntibashe.
B. Niho ijambo ry’Uhoraho ryanzanko, rivuga riti: « Impwemu indwi ziri imbere y’intebe y’Imana yamyeho kandi igira ize vuba zije kumurika hejuru y’iki kiyaga ari co karere karimwo abantu banje Isirayeli ya Kabiri aho basanzariye hose haba muri Tanzania, mu bindi bihugu no mu Burundi . Maz’Uhoraho ambarira ati; kuvy’umuhamagaro wo kwitegurira ivyo ngira nkore nguhaye amajambo yose ubwira abantu banje kandi ngutegetse ko ubibandikira ukabibamenyesha bikabashikira aho bari hose haba muri Tanzania mu bindi bihugu no mu Burundi kugira buri ruhande rutegure ivyo narutegetse. Ariko nzi ko abantu banje barimwo ukugabitanya uhereye ku bari imbere y’abandi, kuko benshi barakira amajambo ndabarungikiye bakagarariza mu kuvuga amajambo yo kundogotako, mbere bagafata ivyo ndabarungikiye bakabinyegeza,bakabibika ntibabimenyeshe abo bakwiye kubibarira. Hari n’abandi bakiriye amajambo yanje y’ubuvugishwa nabarungikiye bako
ra ibibi birengeje kandi nanje sindeka kubibahanira naho bokwihana bakiyeza ukungana gute. Nico gituma jewe Uhoraho mvuze nti: « Andika ivyo nkubwiye vyose kandi ubirungikire abantu bose bo mw’ihanga, ubirungikire abarongozi, abungere, abavugabutumwa, izindi ndongozi n’abakozi, ba serugo b’imiryango n’abandi bose. Mbere nturungike aya majambo kubo uzi gusa bo mw’ihanga banyumvira jewe Uhoraho; bumviye ivyo nagutumye vyose, ahubwo uyarungikire na barya bose batanyumvira baba ab’uzi canke utazi. Uz’uyabarungikire bose baba abungere, abavugabutumwa, abandi barongozi n’abakozi, ba serugo n’abandi bose, mbere n’abatari bumvise ivyambere, ivy’ubu bavyumwe; ivy’uwu muhamagaro w’ukwitegurira ibigira bibe bavyumve.
C. Maz’Uhoraho ambarira ati: « Amatara wabonye, nizo Mpwemu zanje indwi; ni yo maso yanje jewe Uhoraho ngira murikishe abo mw’ihanga bose aho bari hose ». Uhoraho ambarira ati, nzogendagenda mu nzu z’abo muri Isirayeli ya Kabiri aho bari hose zaba iz’abungere, iz’abavugabutumwa, n’izindongozi zose n’abakozi b’uburyo bwose, zaba iza ba serugo bose mw’ihanga ryose, mu bantu bose b’amashengero yose, mbere n’iz’abatinjira mu mashengero bose bazoba bakiriye aya majambo ngutumye canke bakayumva ku bandi. Nzorabisha ijisho ryanje, murike ndabe uko bazoba bakiriye uwu muhamagaro wanje ndabahaye. Abazoba bari gukengera, kwidoga no kwiyongorera mu mitima yabo nzoba ndiko ndababona. Abazoba bari kwongoreranira ivy’ukunegura amajambo yanje bari mu mpete nzoba ndi kubabona. Umugore n’umugabo bazoba bari kwongoreranira aho baryamye bongoreranira ivy’ukunegura ivyanje nzoba ndi kubabona. Abavukana bazoba bari kwongoreran
ira mw’ibanga ivy’ugukengera amajambo yanje nzoba ndi kubabona, mbere n’abakozi banje bazoba bari kubivugira harya imbere mu rusengero canke ahandi nzoba ndi kubabona. N’abazoba bari kwongoreranira mw’ibanga bibaza ko ata wubumva jewe Uhoraho nzoba ndi kubumva. Uhoraho ambarira ati, ku bazoba bagabitanije ntibumvire ibi mvuze nzobitegereza rwose, kandi abazoba baciye bugufi bakumvira nabo nyene nzobabona; mbere nibo barya wabonye bari mur’arya matara ari kwaka ariko ntibashe; kuko abanyumvira ari bo mboni z’ijisho ryanje kandi nta vyago bibazako. Ariko abazogabitanya kw’ijambo na rimwe mu vyo ngutumye nzobahonya ata kibuza.
D. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze ati: « Maze kuba ndiko ndagendagenda mu nzu zose z’abo mw’ihanga nihweza abagabitanyi n’abatagabitanya, nzokwitegereza rwose abazoba bagabitanije batumviye ibi ngutumye. Maze harya bazoba bashize aya majambo ngutumye; harya bazoba bayanyegeje, canke bayataye canke bayashiburiye, canke harya bazoba bari kuvugira amajambo y’ukugabitanya, naho hazoba ari harya imbere mu rusengero nzohamurikisha ijisho ryanje. Maze mur’aya majambo yanje ngutumye bazoba bakengereye nzohagurutsamwo impwemu yanje nce mvugana nabo. Mur’uko kuvugana nabo nzobereka mu ndoto, mu kwerekwa, mw’ijwi mbere no mu bindi bitangaza, kandi nzovugana n’abantu bose bo mw’ihanga buri muntu wese, haba mu buryo bugaragara canke buhishije mu mutima wiwe. Hanyuma uwo nzoba mpishuriye wese muri izo nzira zose mvuze; kubera azoba yagabitanije ntiyumvire aya majambo ngutumye, birya vyose nzomwereka mur’uko guhishuri
rwa haba mu ndoto, mu kwerekwa, mw’ijwi canke mu bindi bitangaza nivyo bizoca biba urubanza rwiwe rw’ugucirwakw’iteka. Uhoraho ati: Niho bazomenya ko ivyo nagutumye kuri bo, be n’ivyo navugishije abavugishwa banje kuva kera ar’ivy’ukuri atari ivy’abadayimoni canke ivy’abantu nk’uko bo babivuga. Maz’Uhoraho ambarira ati: « Ndi Uhoraho Imana y’imbabazi, ari naco gituma ku musozi w’impongano nagushizeko kugira usabire ihanga imbabazi navyumvise nkaryuhagira. Ariko jewe Uhoraho ndi Imana ifuha kandi sinzokwama nihanganiye abana b’ubugarariji». Nico gituma nkubariye nti: « Babwire uti urugendo rwanyu mwimirije rurimwo ivyago vyinshi ku bantu batubaha Imana . Kandi utek’ubabarire uti Uhoraho yarahiye uguhoraho kwiwe ko atazoreka guhana abatumva n’abatambira ikibi: uti kandi umuntu wese atazoserura ukwizera kwiwe imbere y’Uhoraho, uwo azoba ajimije itara ryiwe n’iryanje jewe Uhoraho, kuko jewe njana n
’abizera».
E. Nico gituma Uhoraho Imana avuze ati: « Ku bantu bose bo mw’ihanga baba abari muri Tanzania, mu Burundi no mu bindi bihugu, nabateguriye ko ndabashikiriza isezerano kugira mumbere ishimwe mw’isi, ihanga ryera, ry’abami n’abaherezi, ihanga ry’akaranga k’ubukozi. Nico gituma mur’iki gihe ngira ndabakorere igitangaza, ndabahamagariye kwitegura buri ruhande ukwarwo. Uko niko ndabakuye agatetererwe kugira ivyanyu vyose bibe hagati yanje namwe ubwanyu atari mu bansi banyu canke amahanga. Kandi ni kubw’ico gikorwa ndabashingiye urufatiro rw’ukubaho kwanyu kuzobandanya mu gihugu mugiye kwinjiramwo, kuko ivyo ndabategetse gutegura vyose, buri ruhande ukwarwo vyose ndavyise ishikanwa. Mbere ni ryo banga rinyegejemwo ubutunzi nzobaha buzobabeshaho muri Isirayeli ya Kabiri mwebwe n’uruvyaro rwanyu ibihe vyose muzoba mukiri mw’isi. Haguruke rero murondere umugisha ku bwanyu no ku bana banyu (Imigani 10:22, Matayo 13: 44 -46 ).

V. ICO UHORAHO AVUZE KANDI

A. Maz’Uhoraho ambarira ati: « Ibutsa abantu banje bo mw’ihanga babandanye gusenga ubudahumeka. Iki ni igihe co gusengana umwete, no kwihana no kwiyeza. Abakiriye umuvyuro n’ingabire zanje nkuko nari nabibemereye mu muhamagaro w’ugusenga no kwisonzesha bazigumye ntibazite, kandi ntibahororokerwe ngo basubire inyuma. Maz’Uhoraho ambarira ati hariho abantu bo mu mashengero amw’amwe, bo ivy’ubuvugishwa batazi n’uko bibaho; mbere batanavyemera. Babwire bamenye igihe navugira mw’ishengero rya Pentekote mu Burundi imbere y’umwaka w’1972 ko ivyakurikiye ata muntu vyarobanuye ahubwo vyashikiye bose n’ubwo nari nabivugiye mw’ishengero rimwe. Uwiyonjorora wese, akavuga ko amajambo yanje atamuraba kubera we mw’ishengero arimwo atavy’ubuvugishwa bihari, amenye ko inkota igiye guherekeza aya majambo ngutumye itazomusiga. Uhoraho ati: « Iyaba abantu banyumvira bakagira kw’ijambo ryanje ry’ukuri atari ku nyigisho zabo can
ke iza Satani; bakemera kurongorwa na Mpwemu wanje nta hantu na hamwe ijwi ryanje ritaba ryumvikanira (Guharura 11:26 – 29) ». Rero barira abantu bo mw’ihanga ryose amashengero yose, bose bamenye ko ibi ngutumye bibaraba bose buri ruhande ku vyo nategetse vyose baba abari i Tanzania, mu Burundi no mu bindi bihugu.
B. Uhoraho avuga ati, kuvy’umuhamagaro wo kwisonzesha abungere n’abavugabutumwa musubire muj’imbere y’intama murongoye kugira ngo mwese musenge. Kuko nkeneye kwumva amajwi yanyu anshikira nk’ijwi ry’umuntu umwe kandi muze musabire ibintu bibiri: a. Igitangaza ngira nkore, b. Urugendo rwanyu ( ku bari hanze ) n’inkinzo ( ku bari mu Burundi ). Ntihaze hagire uwuta umwanya ngo ari gusengera igihugu c’uburundi kuko azoba ari kwiruhiriza ubusa. Sabe kugira nkore igitangaza c’isezerano nabasezeraniye kuko ivyo nateguye bidasubira inyuma. Kuvy’imisi yo gusenga n’urutonde rw’amasengo abarongozi abe ari bo babishiraho ariko kube ugusenga atari mu ntege nke kandi ntihabe ugushira amasango kure kuko igihe kirashitse co kubagendera kugira ndabakorere igitangaza nabasezeraniye, ni jewe Uhoraho Imana ndabivuze.
C. Uhoraho ambarira ati: Kuvy’aba bantu bahamagariwe kwitegurira ivyo ngomba nkore; kuri barya bahamagariwe gutegura urugendo, ubabarire uti niyo mwamara kuba mwatunganije ivy’igiciro c’ingendo zanyu, ntimuzoce muhaguruka ubwo nyene ubwanyu. Muze mutekereze ariko mwatunganije vyose. Ibigiye kuba muzovyibonera n’amaso yanyu mwongere muvyumvishe n’amatwi yanyu, kandi nivyo bizoca bibereka ko umwanya wo guhaguruka ngo mugende ushitse. At’ariko ubabarire uti «Uwo mwanya ushitse, uwuzohindukira ngo arabe ivy’inyuma azoca ahanwa nka muka Loti ( Itanguriro 19: 26 ).

Uhoraho ati: « Amajambo yanje yamaho ibihe bidashira kandi ntahinduka. Ndi Alufa na Omega kandi ico mvuze ntikireka gushika. Abantu banje ni bave mu buzimire n’ubugabitanyi bizere. Ico nateguye nta muntu ashobora kubuza ko kiba; naho yoba isi yose n’ijuru n’ingabo zose zo mw’ijuru ntivyobishobora. Ndazi ko abo mw’ihanga ryanje bamenyereye kutizera no kutumvira ivyo mvuze bakama bafata ibikorwa vyanje bakabishira kuri Satani no ku bana b’abantu. Uwemera akizera ni yemere, ugabitanya nawe ntiyizere n’ashishikare kugabitanya. Ni jewe Uhoraho Imana y’ubushobozi bwose ndabivuze. AMEN.

VI. GUSOZERA.

a. Mwenedata wakiriye ubu bugishwa. Maze kwakira amajambo atari make ava ku bantu bamwe bo mw’ihanga banegura amajambo nabarungikiye bavuga ko ataray’Imana ahubwo ari politike. Kur’ico nta co norinda kuvyishurako nk’uwirwanira kuko ndazi ko Imana yo nyene ubwayo ari yo yirwanira kubw’ibikorwa vyayo.
Nimba woba ur’umwe mu bavuga uko, ico noguhanura n’uko utari ukwiye kuba utakaza umwanya wawe mu kuvuga amajambo atazogukiza; aho kwikubita imbere y’Imana ukayitakambira kugira iguhangaze kuko nawe uri umuntu buntu.Kuko kuvuga ivyo ni ukurogota ku Mana. Umunyabwenge si uwurogotesha ururimi rwiwe ahubwo ni uwakira amajambo y’Imana, abonye ko bimugoye kwizera agaca aja imbere y’Imana kugira asiguze amenye ko bivuye ku Mana canke bitavuye ku Mana.
Ibisigaye navyo, umenye ko ata politike ikura ihanga ry’Imana mu buja. Iyaba ndi gukora igikorwa ben’ico, mba ndi gutakaza umwanya kandi nta kindi mba niteze atari ukumaramara. Ariko none; siniteze namba kumaramara kuko iyampamagaye ikantuma ari Imana y’ukuri.

Nimba utavyemera, waba uri indongozi mw’ishengero canke uwusanzwe, ni wiyicarire uzoba urabibona. Ariko umenye ko hariho bamwe bazokwibuka kwihana atako bakibigira. Uwiyumvira wese ko uko vyamye ariko bizokwama narorere azobibona umusi ni washika; niyo yaba agiriwe ubuntu bwo kubibona. Iyamye ikoresha abavugishwa bayo kuva kera, ikabakoresha no mw’ihanga ryacu, niyo yankoresheje nanje kubw’ubuntu bwayo. Rero wavyemera canke Sutavyemera umenye ko bitazosubira inyuma. Ngusabiye k’Uhoraho kugira aguhe guhumuka amaso ubone kandi uce bugufi witahure kandi umenye ko abana b’abantu turi abantu buntu.

b. Kuri wewe nawe usamajwe n’ivyo ubona n’amaso yawe bigukikije aho uri, canke wewe usamajwe n’aho uri ngo warashitse canke ngo vyaraheze, umenye ko Uhoraho afise imigambi ikomeye rwose kandi y’agaciro ataho ihuriye n’ivyo wewe wiyumvira canke ubonesha amaso yawe aho uri; canke ivyo wewe wipfuza ukabona ko arivyo bikwiye. Rero ntuze wihende na gatoyi ngo Imana iri ku ruhande rwawe .

c. Ndangije nsaba abaronse ubu buvugishwa bose baba abumvira Imana canke abatuyumvira bose aho bari hose ko bokwihuta kumenyesha abandi izi nkuru z’iyi myiteguro kugira abantu bose babimenye. Abakuru murongoye abandi mu mashengero ntimuhumeke kugeza mubibariye bose.


N.B: Nabajije Uhoraho; ku bantu bari mu makambi y’ impunzi ya vuba kuvy’ukwitegurira urugendo kubera abenshi boba badashobora kwirihira ibiciro vy’ingendo zabo zo gutahuka. Uhoraho yanyishuye ati: Nabo nyene muri bo harimwo abishoboye kuko nabo nyene narabahezagiye. Abo bazotegure ingendo zabo. Abadashoboye nabo; nabo nyene bazokwumva uruhwa rwanje niyo namara kurangiza igikorwa nkuko nabivuze ku bari mu bindi bihugu batoshobora kwirihira ingendo zabo zo gutahuka mu gihugu. Iryo jwi ry’uruhwa rwanje niryo rizobamenyesha uburyo bizobagendera.

IMANA IDUHEZEGIRE TWESE AMEN
( ZABURI 139: 1-12)

 

NDAYISHIMIYE DANIYELI